IHAHAMUKA - PowerPoint PPT Presentation

About This Presentation
Title:

IHAHAMUKA

Description:

IHAHAMUKA Ico Ari Co N Ibimenyetso Vyaryo Ku Bana Vyateguwe na David Niyonzima, M.A. Umuyobozi wa THARS Aho Ihahamuka Riva Intangamarara: Ibidushikira mu buzima ni ... – PowerPoint PPT presentation

Number of Views:31
Avg rating:3.0/5.0
Slides: 17
Provided by: Thar67
Learn more at: http://www.thars.org
Category:

less

Transcript and Presenter's Notes

Title: IHAHAMUKA


1
IHAHAMUKA
  • Ico Ari Co
  • N
  • Ibimenyetso Vyaryo
  • Ku Bana
  • Vyateguwe na David Niyonzima, M.A.
  • Umuyobozi wa THARS

2
Aho Ihahamuka Riva
  • Intangamarara Ibidushikira mu buzima ni vyinshi.
    Bimwe muri ibi ni ibituremera
  • Ibituremera bidusigamwo imvune ku mubiri, mu
    mutwe no mu mutima.
  • Ibituremera bishobora kuba vyiza canke bikaba
    bibi
  • Vyiza Guhabwa impera.
  • Bibi Ikintu cose gituma turengerwa

3
Ihahamuka riza mu gihe umuntu yaciye, yabonye,
yashikiwe nikintu canke ibintu vyahatswe kwica,
gukomeretsa canke gusesereza ubuzima bwiwe canke
ubwo abandi.
  • Umwuzure
  • Gucika kwicumu
  • Guterwa grenade
  • Kuraswa
  • Gufatwa ku nguvu
  • Kugira abana batumvira
  • Guturirirwa inzu

4
Ni mwandike namwe ivyo mwibaza bihahamura
  • Kwibwa, Kubura se na nyina
  • Guhohotera,Kuboherwa ku co udashaka
  • Kubona abakubitwa ninkuba
  • Kurwara igihe kirekire
  • Guturatuzwa
  • Kubona icakwiciye
  • Ubukene
  • Umubano mubi
  • Ubutunzi
  • Umukoresha mubi
  • Kubura benshi
  • Iterabwoba
  • Gusambishwa
  • Intambara
  • Gukumirwa
  • Kubesherwa
  • Kwangazwa
  • Gufungwa urenganywa
  • Guhemukirwa
  • Kubura uwo mwubakana
  • Kurenganywa
  • Gupfakara
  • Kutavyara
  • Ubumuga
  • Gucirirwa urwo gupfa
  • Kubengwa kenshi
  • Gukurwa ku butegetsi nabi
  • Gutandukanywa nabana
  • Kubona aho bagririra nabi uwundi

5
Uko Uwahahamutse Amera
  • Uko Yiyumva (emotion) Kurengerwa, gushavura,
    kucika intege, kwuma, agatengo, kwiyagiriza,
    agahinda, kubura ico yokora, kubura ibiragamo,
    kutaba agifise ikimunezereza
  • Ku mubiri Kuruha, kudasinzira, gukabagurika,
    kumeneka umutwe, kuribwa, kutagira aho yiyumva,
    kutarya, kutarangura amabanga nkuko yahora
  • Mu mutwe Kudahitamwo neza, urwiba, kujuragirika,
    kutizigira abandi, kwishira hasi,ubwoba, kutabona
    ibintu uko biri, kugira ivyiyumviro biguma
    bigucamwo bitajanye
  • Mu mibano Kwikumira, kwama afise ivyo bapfa
    nabandi, kutaba agishobora gukora neza ivyo
    yahora akora, kugira ingorane mu gukurikira
    ivyigwa no gukora ivyo asabwa kw ishure.

6
Ni muvuge bimwe muri ibi vyoba vyarabashikiye
  • Kwumva utameze nkabandi
  • Gusara
  • .

7
Ingene Ihahamuka Rigirira Nabi Abana
  • Intangamarara Uko abakuze bagira ingorane
    zitumwa nihahahamuka, ni ko nabana bazigira
    ariko bakazerekana mu buryo bungana nkuko
    bangana nyene. Kubera bazerekana mu buryo
    bwubwana, kenshi abakuze birabagora kubona no
    kumenya uko bobafasha.

8
Abana bamaze imyaka 2 kugeza kuri 5
  • Bashobora gusubira inyuma bagasubira ku vyo
    barenganye kurira mama agiye, gusoba aho
    baryamye, gukara, kwibaza ko ari bo vyovuyeko
  • Kwibaza ko abantu bakora ibintu bivuye kuri bo,
    canke bakabwirizwa gukora ivyo bashaka, bitabaye
    uko akaba atadashoboka

9
Ibimenyetso ku bana bari hagati yimyaka 2 - 5
  • Gutinya no guhoma ku bavyeyi
  • Kudashaka ko umuvyeyi agenda
  • Kwibaza kwivyabaye vyavuye kuri bo
  • Gutinya ko bigaruka
  • Gusubira ibwana kutirarana, imvugo yari
    yararenganye, gusoba
  • Ibindi mwabonye

10
Abana bamaze imyaka 6 kugeza kuri 12
  • Abana bageze kuba muri primaire barashobora
    gusubira ibwana ariko barashobora no kwerekana
    ibimenyetso vyabakuze kudakurikira ibivugwa,
    kwibagira, kudatahura, kudasinzira neza, ivyo
    bigatuma badakora neza mwishure.
  • Barashobora kwifata nkabataragera kuja
    mwishure. Mu kwibaza ko ari bo babitumye biba,
    barashobora kubirengana. Uku kubirengana kuragoye
    cane kuko bagushikira guciye mu kumva bicujije,
    kwikumira, kutanezerezwa nivyahora bibanezereza,
    kwumva bababara umubiri wose, bakabura aho
    buyumva, bakumva batonekara.

11
Ibimenyetso ku bana bari hagati yimyaka 6 - 12
  • Umwitwarariko nubwoba bwivyoshika ejo
  • Gukarira abandi bana
  • Gukara no gukina inkino zibabaza abandi
  • Kurizwa nubusa, no kwikumira
  • Kwa gusubira ibwana
  • Kuraba ko hari ico yokora akagiherana.
  • Ibindi mwoba mumaze kubona

12
Abayabaga, imyaka nka 12 kugeza kuri 21
  • Uko bavyifatamwo mu gihe bahahamutse biragoye
    cane kubera
  • Bibaza ko bakuze ariko bakiri abana
  • Inguvu zugukura kwabo bakoresha mu gushaka
    kurengera ivyo babonye iyo zisenzwe baca bakora
    ibituma bagira ingorane na rwose gukara, kwiroha
    mu vyo badashobora, ubusambanyi, kwiha imiti
    yobakiza, ibiyayura umutwe, itabi ninzoga
    zirenze, ukudendebukirwa, ukwikumira, ukwiyumvira
    kwiyahura.

13
Ibimenyetso ku miyabaga, imyaka nka 12 - 21
  • Kwigirira nabi gushurashura, urumogi, ninzoga
  • Kutibanga, kwiroha
  • Kwicuza igituma bariho, kwikumira
  • Ko ubuzima ataco bumaze
  • Kutumvira amategeko
  • Gutonekara umubiri wose,
  • Gutinya kazoza,
  • Ibindi mwoba mumaze kubabonako

14
(No Transcript)
15
Ico Wokora nkUmurezi
  • Kwumviriza ukabaremesha, utabaretse ngo barengane
    aho bahora bageza
  • Bereke urukundo, bashiremwo ivyizigiro
  • Bereke ko ushoboye, ko isi itayangaye
  • Abakuze, babaze uko biyumva. Bereke ko ubona ko
    bazi kuvuga ivyabashikiye
  • Babaze ingene bari gukora iyo baba bari ahandi,
    ubareke babiyage nabo bangana
  • Bigishe ko ari ibisanzwe kwiyumva gurtyo kandi ko
    ivyabashikiye bitazobandanya
  • Abarezi iyo bavyifashemwo neza nabana
    bavyifatamwo neza. Ifate imbere yabo nkaho
    katabaye, ntugwe mu gatengo, bavugishe

16
Ibindi Wokora nkUmurezi
  • Ibifasha umurezi kwifata neza mu gihe habaye
    ibihahamura, ni kurya neza, kwinonora imitsi,
    kuruhuka neza.
  • Inyishu uha ihahamuka ni zo zituma abana barikira
    canke barigumamwo.
  • Wirinde kuvugana ishavu, guta ibirake ku bandi no
    guhiga kwihora.
  • Ivyo tuvuga abana bumva bica birema igicapu
    cihahamuka mu bana.
  • Ububabare bumvize mu barezi, baca babwikorera
    bumve na bo bokwihora, muri ico gihe uzoba
    wabivye imbuto zamatati muri bo.
  • Ni bashushanye avyabashikiye bongere bakubwiye
    ico ivyo bicapu canke ivyo bishusho bisigura,
    umviriza gusa
Write a Comment
User Comments (0)
About PowerShow.com